Ni igiki cinyegeje muri rino sekeza ubutegetsi bwa CNDD-FDD yatanguje kuri rino genekerezo rya 22 ndamukiza 2026
Kur’uyu musi wa gatatu, igenekerezo rya 22 ndamukiza 2026, ku murwa mukuru w’Intara nshasha ya Gitega, Umugwi CENI uri mu kwaha kwa CNDD-FDD wiyita ko ujejwe amatora mu Burundi waratanguje inyigisho ku bijanye n’amatora y’Umukuru w’igihugu azoba mu mwaka wa 2027. Ibirori bikaba vyari birongowe na Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu hamwe n’umusuku wiwe, Ntahorwamiye Prosper.
None Umugambwe CNL urongowe n’indongozi itazimiza, Kizigenza mu nyankamugayo, Nyakubahwa Hon Agathon Rwasa ubivuga kw’iki ?
Umugambwe CNL ntiwigeze uhengeshanya narimwe gushira ahabona amanyanga yose yama ariko arakorwa n’umugambwe CNDD-FDD mu ntumbero yo kwigumiza ku butegetsi ukoresheje igikenye, amanyanga, ubusuma, n’ubundi bubegito.
Tugerageje kw’isunga ivyanditse mw’Ibwirizwa Shingiro canke mw’Ibwirizwa rigenga amatora, canke tukisunga ibirangamisi vy’amatora vyagiye birabaho muri kahise, nta na hamwe ivyo birori bitegekanijwe. Umugambwe CNL ukaba ubona yuko ari amayeri ya Ndayishimiye yo gutangura kwiyamamaza imbere y’igihe, kandi ko amatora yamaze kwibwa kuko ata nsiguro n’imwe yo kurinda gukoranya abantu isinzi, uburyo bwa leta bukahasesekarira mbere n’imirimo igahagarara kubatumire b’imice yose, kunyigisho zisanzwe zizwi kubazotora nka bose, ndetse ata n’ibigoye gutahura birimwo kubantu bashasha. None ko muri kahise (nko muri 1993, 2005, 2010, 2015, 2020 ) ivyo birori bitarinze kuba, amatora ntiyabaye ?Naho amwe muri ayo yaranzwe n’ubusuma, hagatangazwa abatsinzwe.Mbega iryo huti huti ry’izo nyigisho kumatora y’Umukuru w’igihugu wenyene azorahira italiki 18 Ruheshi 2027, ata bashingamateka canke abajenama b’ama komine barimwo, n’iry’iki ? Wawundi ati « iyo buza kumenya umwe bwari ikindi ».
Reka tugende ido n’ido kuri bimwe muvyashikirijwe na Ndayishimiye muriyo nkinamico :
- Ndayishimiye yashikirije ko ibihugu bidahindagura abategetsi kwarivyo vyateye imbere, kandi ko abanyamahanga canke ONU bidafise uburenganzira bwo kugira ico bivuze ku matora y’abarundi mugihe abarundi baba bayiyemereye, mbere ko abo banyamahanga na ONU bidafise uburenganzira bwo kugira ico bivuze kumategeko y’Uburundi.
Iyo mvugo irerekana neza ko Ndayishimiye afise intumbero yo kuguma kubutegetsi nkuko yaciye atanga akarorero kubihugu bimwebimwe bibanyi, kandi bikerekana yuko nihahera igihe azoteba akanahindura ibwirizwa shingiro vyiswe ko ari abarundi bavyiyemereye, mu ntumbero yo kwigumizaho ibiringo bidaharurwa. Yoba koko ariyo demokarasi bivugira ko bagwaniye imyaka n’iyindi ? Vyaragaragaye ko atayo bagwaniye ahubwo ari ururirimbo gusa.
- Yaragarutse no kubantu batitaba amatora bitwaje ibi na biriya ngo ntakuja mu matora aguma yibwa canke ngo aba yaraheze imbere y’igihe ko kuba ari uguherekeza gusa. Ndayishimiye yamenyesheje ko ata matora yibwa mugihe abera ku mugaragaro bagaca baharurira aho nyene kubuzu bw’amatora, mbere ngo n’ivyegeranyo bigaca bisinyirwa ngaho nyene. Ariko ngaho akaba yiyibagiza nkana ko imbonerakure ziba zifise udukarata twinshi twitora, kandi zimwe muri izo mbonerakure ziba ziri indani mubuzu bw’amatora ngo ziriko zirafasha kwereka abantu ingene bazinga impapuro z’amatora (bulletins de vote), izindi ziriko zitera ibitsure muma dirisha, izindi ziriko zitera ubwoba kumirongo, tutibagiye naba hagarikizi b’amatora (mandataires) b’iyindi migambwe birukanwa hageze guharura hanyuma bagasinyirwa n’izo mbonerakure kuvyegeranyo canke bagasinyishwa ku nguvu. Aha ntitwiriwe tuvuga ubwitwa ngo n’ubwiherero (isoloirs) ariko bubonerana (fente) kuburyo abari inyuma bashobora kubona ivyo umuntu atoye.
Kuber’iki mugushiraho inzego zijejwe amatora (CENI, CEPI na CECI) batagisha inama abazoja kwitoza kugera naho usanga abagize izo nzego bakomoka mu mugambwe umwe uri kubutegetsi ? Hari ubusuma busumba ubwo ? Burya nko mu rukino rw’umupira w’amaguru hogira umugwi witorera uwo bahiganwa mbere uwo mugwi nyene ukaba ariwo wizanira umuhagarikizi n’abafasha umuhagarikizi (landsmen), ukishiriraho n’abakurikirana VAR, ndetse ukaba ari nawo wishiriraho amategeko agenga urukino, ukanabuza uwo wundi mugwi bazohiganwa kugira imyimenyerezo imbere yuko urukino ruba, ubwo vyukuri uwo wundi mugwi ntiwoza murukino uje guheza ibwirizwa gusa canke guherekeza ? Urwo rwoba ari urukino canke INKINAMICO ?
- Naho biri uko, ntaworeka gushimira Ndayishimiye ko yaguye akagaruka, aho yavuze yuko amafaranga ariko arasabwa ashika imiliyalidi 80 yo gutunganya ayo matora ko ari umurengera, ko yokwubaka uburaro bw’abanyeshure kuri buri komine. Vyerekana ko nawe bimutera isoni ngo ari mu matora atarivyo. Twokwizera ko agiye kwikubita agashi ? Ukuri nuko ayo mafaranga rero menshi aherera mu mifuko y’abantu bitwa ngo bajejwe gutegura amatora, nabo bakaba ari babandi nyene bakomoka mumugambwe uri kubutegetsi, kuburyo no kumusi w’amatora abacungera amatora (mandataires) b’umugambwe uri ku butegetsi aribo bonyene baronka ingene bivuna umusase mugihe ab’iyindi migambwe baba bariko barasamira isazi kumunwa.
Ubwo buryo nibushirwe mubindi bikorwa vy’iterambere na cane cane ko ayo matora atagitangaza umuntu yoyitegamwo uretse kuzana amagorwa, amaganya, ubukene n’amarira gusa mu gihugu.
- Ikindi twomushimira nuko yahaye ikibanza kibereye ba mpemuke ndamuke, bagenzwa no kunuranura udukorotse mukutabemerera guhonyoza ikirenge mu kibuga cariko kiberamwo iyo nkinamico, imigirwa iheze agahitamwo kubatwara ahubwo kubahera inzoga iwe. Ikindi umuntu yovuga nibi bijanye n’aba kandida bokwitoza. Ndayishimiye nivyo yarashimikiye kuvyanditswe muri Bibiliya n’umuhanuzi Timoteyo vyotegerezwa kuranga indongozi nziza. Akanenge karimwo n’uko womengo harekuriwe kwitoza abagabo gusa ariko ata mukenyezi arekuriwe kw’itoza mugihe twese tungana imbere y’amategeko, tukagira uburengazira bumwe duhabwa n’ibwirizwa Shingiro.
- Ikindi Ndayishimiye yavuze ku bakandida atiravye, nuko yashikirije ko uwuzoshira imbere umu kandida mubi ko batazomutora. N’ukuri turavye amagorwa abanyagihugu baciyemwo murino myaka 7 y’ubutegetsi bwiwe, birerekana ko umugambwe uri kubutegetsi ata mukandida ufise ashobora gushayura Uburundi n’abarundi. Umu kandida mwiza arangwa n’umutima w’urukundo atari umutima wo kwigungirako ivy’igihugu, umu kandida ashira imbere ineza ya bose, kandi adashira imbere ubwibone n’ubwishime, atwarira bose, atagira nkunzi, atangaza abanyagihugu canke ngo abasahure utwabo. Uwo mutware nawe kuva CNDD-FDD iri ku butegetsi, ntawigeze aboneka mu gihugu c’Uburundi kandi n’ubu CNDD-FDD ntawe izigera ironka.
- Hanyuma mugusozera ijambo ryiwe, Ndayishimiye yavuzeko yipfuza ko amatora ariko arategurwa yoba amatora atagira AGASEMBWA. None yoba amatora atagira agasembwa gute mugihe badashaka ko urubanza rw’umugambwe CNL rucika rukava munzira kugira Indongozi yacu itazimiza Kizigenza mu nyankamugayo yitoze kw’izina rya CNL maze ikinyoma gikubitirwe ahashashe, benumurango babona, amakungu akaba ivyabona? Uko bigenda kose, baruca bataruca ico batinya nico kizoruhira kuba kuko baca umugani mukirundi ngo « akase umugaga ntigasubira ikuzimu ».
Mukurangiza, Umugambwe CNL ubona yuko aho kwihutira gutesha umwanya abantu ngo bariko barabigisha inyigisho zitagira mvura, umwanya n’uburyo bikahononekarira, ahubwo leta yarikwiye nyabuna kuzana umwuka mwiza mu gihugu, abantu bagatuza mu mitima. Leta ikabanza kwihutira kugira ibiganiro n’abajejwe imigambwe, amashengero, abamashirahamwe ataho yegamiye muri politique eka n’abandi bose bafise uruhara mukugira igihugu gitwarwe neza, muntumbero yo kwicarira ibibazo vyugarije igihugu bijanye n’intwaro rusangi, intwaro ibereye, ubutunzi, imibereho y’abanyagihugu, umutekano, amatora asesuye kandi yumvikanyweko na bose, ibiturire, agateka ka zina muntu, abapfungiwe ubusa umwidegemvyo wo kumenyesha amakuru, gutahukana impunzi kugira nazo zizokwitabire amatora ziri mumiryango yazo kuko « atamwana n’ikinono ». Ingingo ya 18 y’Ibwirizwa Shingiro iravuga yuko « igikorwa intwaro y’igihugu ijejwe ni uguhuza Abarundi, kwizigiza no kunywanisha Abarundi bose, ikaraba ko Reta iriko irakora ku neza y’Abarundi, bo soko ry’ububasha n’ubutegetsi bwayo. Reta irubahiriza ubwigenge bw’izindi nzego, igashira imbere amategeko, ibiranga intwaro ibereye n’ukurangura ku mugaragaro amabanga y’igihugu. »
UBUGABO SI URUCUMU !
Aimé Magera
°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°


